Imfashanyo kubagendana indwara yo kwibagira mur'iki gihe c'ikiza COVID-19

Mu gihe woba ufise ubugwayi bwo kwibagira (dementhia) canke ukaba witaho abagendana ubwo burwayi kandi ukaba wibana, menya yuko utari wenyene kandi yuko ushobora guhitamo kubaho neza mu kuronka ubufasha no kuguma uvugana n'abandi.

Hands

Source: Pixabay

Ukuguma mu rugo bitewe na coronavirus  vyatumye tuguma mu nzu, ariko ivyo ntibidutera kwiyumva yuko turi inyakamwe.


 

Bikuru bikuru 

  • Abagendana ubwo bugwayi bahamagariwe ku rondera imfanshanyo biciye mu mirwi itandukanye canke guhamagara umurwi w'igihugu ufasha abagendana ubwo bugwayi kuri 1800 100 500
  • Hamagara muganga ubwo nyene mu gihe wumva yuko ufise ibimenyesto vya COVI-19
  • Rondera ibikorwa bibera mu nzu vyo gukora nko gusoma, kwumviriza indirimbo canke gusohoka ukagenda kwinonora

 

Abantu ba baba 459,000 bo muri Australia barwaye indwara yo kwibagira (dementhia) aho ni mugihe abangana imiriyoni 1.6 vy’abandi bantu basanzwe bari mu bitwararika abo barwayi. Dimenthia Australia ikaba iriko ikaba iriko irafata mu mugongo uwo murwi w’abantu.

Umuyobozi nshingwabikorwa muri Dimenthia Australia maree McCabe yavuze ati “Twese turi kure na kure dufatiye k’umibiri, ariko ntibisigura yuko dukwiye kwiyumva ubunyakamwe”
Kuronka uburenganzira ku bigo bitanga imfanshanyo

Bamwe mu bashobora kugufasha bashobora kuba umuryango wawe, abagenzi, ababanyi canke abahinga bashobora kugufashisha bimwe mu bintu usanga bigoye, kwitwararika ineza y’ubuzima, canke ku kuba hafi mushobore kuganira.

Rondera uburyo ushobora kugira imigenderanire n’abandi haba biciye kuri terefone  ngendanwa canke kuvugana biciye mu mashusho (video). Namba ufise inyabwonko, terefone ngendanwa igezweho  canke tablettes, ukwiye kwiyumvira gukoresha porogaramu igufasha gukoresha videwo kugira ngo ushobore kuguma uvugana n’abandi.

Hamwe n’ivyo urashobora guhamagara kuri 1800 100 500 ikigo kijejwe ivy’iyo ndwara yo kwibagira (Dimenthia) ku rwego rw’igihugu canke  ukagendera urubuga rwabo kuri kugira ngo ushobora kuvugana nabo,  hamwe no kuronka ivyo ukeneye, canke kumenya vyinshi muzindi ndimi.
Thank you for showing me that you care
Thank you for showing me that you care Source: Getty Images_Dean Mitchell
Hoho vyogenda gute mu gihe udashoboye gushikirana n’abahora  bagufasha?

Mu mwanya woba udafise incuti canke abagenzi, canke utagishikirana n’abahora bagufasha urashobora gushikirana n’abandi basanzwe bahurira ku mbuga mpuzamiryango  canke amakoraniro atandukanye kugira ngo ubashe kuja hamwe n’abandi bantu bafise iyo ndwara yo kwibagira.

Twese turiko turaja kure na kure y’abandi bantu ariko ntibisigura yuko dukwiye kwiyumva nkaho twikumiriye.

Dementia Alliance International (DAI) iratanga ubufasha ku bantu bahurikiye mu mirwi kandi basuzumwe bagasanga barafise iyo ndwar a yo kwibagira.

Iyo mirwi nayo ikaba ihura kenshi kugira ngo ibashe kuvugana no gusangira ivyo bacamo umusi k’uwundi, ingorane, hamwe n’ingene bavyitwaramo co kimwe no kwemera hama ukakira yuko ari uburwayi uzobana nabwo. Baragira n’amahirwe yo kuba abagenzi umwe k’uwundi bityo bagaterana intege.

Guma mu dukorwa

N’ivyiza  yuko ubandanya utegura umusi wawe kandi ugashiramo ibikorwa ukunda kandi bigufitiye akamaro.

Urashobora gucamo ibice bitandukanye umusi wawe wifashishije inkengeri (alarm) ikwibutsa igihe kugira ngo ubashe guhindura ibikorwa buri isaha uko iheze canke inyuma y’amasaha runaka. Urashobora  gutegura umwanya wo kugenda gutambuka mu kunonora imitsi, gukora mu karima kawe k’inyuma y’urugo canke ugahamagara umugenzi, ukumviriza umuziki canke ukaraba  ikiganirocanke isinema ukunda ku mboneshakure yawe.
Friendly nurse supporting an eldery lady
Friendly nurse supporting an eldery lady Source: GettyImages_izusek
Ineza y’ubuzima bwawe.

Itwararike kumenya ibimenyetso vya COVID-19 akarorero, kuriga ubushuhe, inkorora, kubabara mu muhogo, uburuhe no kugabanukirwa n’impwemu. Ukaba ufise kimwe murivyo bimenyetso, urashobora guhamagara muganga kugira ngo ubusabe impanuro canke ugahamagara ikigo Coronavirus Health Information Line kuri 1800 020 080
Kora isuku rikwiye. Itwararike yaba wewe canke umushitsi wese akaravye intoki canke akoresheje ivyagenewe kwoza/gukorera isuku iminwe canke ikindi cose cabigenewe. Mu mwanya uriko urakora isuku naho itwararike ibintu akenshi usanga ukorako nka ‘telecomande’, igitashe c’urugi, ibombo hamwe na terefon.

Ukaba wibaza yuko wanduye umugera, hamagara muganga (ntujeyo) canke uhamagare ikigo ca reta  the national Coronavirus Health Information kuri  1800 020 080. Mu gihe woba ufise ikibazo co guhema  canke ukeneye ubufasha bwa muganga bwihuta hamagara 000.

SBS yiyemeje kumenyesha ama kominote canke imiryango itandukanye muri Australia ku bijanye n’ikiza COVID-19 umusi k’umusi. Amakuru atandukanye woyasanga mu ndimi 63 kuri .


Share
Published 23 May 2020 9:35pm
Updated 23 May 2020 9:37pm
By Zain Nabi
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends