Kuba umwenegihugu wa Australia

Abantu barenga miriyoni 5 nibo bamaze kurahira mu birori vyo kubaronsa ubwenegihugu kuva 194. Kuba umwenegihugu wa Australia birafise ico bizanana. Akenshi ni hamwe no gufasha mu kibano cawe. None n’ibiki ugomba gukora kugira ugere ngaho?

Australian Citizens, Citizenship ceremony

Australian Citizens, Citizenship ceremony Source: Wendell Teodoro/Getty Images

Resident Permanent

Kugira ngo ushobore gusaba ubwenegihugu bwa Australia, har’ivyo utegerezwa gushira mu ngiro nk’uwusanzwe yemerewe kuhaba mu mategeko.


 

Bikuru bikuru birimwo

  • Hariho amategeko atagerezwa kwubahirizwa kugira uhabwe ubwenegihugu bwa Australia.
  • Utegerezwa kuronka amanota angana 75 kw’ijana canke arenga kugira ngo utore ikibazo.
  • Muri kino gihe c’ikiza COVID-19, ibori vyogutanga ubwenegihugu bwa Australia bibera k’ubuhinga ngurukanabumenyi

 

Utegerezwa kuba ufise uburenganzira bwo kuba mur’ico gihugu buzwi nka resident permanent.

Ruby Fowdar asanzwe akora ikigo Australian Immigration Agency in Brisbane nk’uwemerewe n’amategeko gufasha abipfuza gusaba kwinjira muri Australia. Yavuze ati mu gihe abimukira ar’aba “resident permanent”, bakaba babaye muri Australia imyaka ine hama bakaba ar’aba “resident permanent” mu kiringo c’umwaka  umwe, mur’ico gihe baba bemerewe gusaba ubwenegihugu.

Fowdar yamenyeshe ngo n’ubwo woba usanzwe uba muri Australia kuri viza zitandukanye nka viza y’umunyeshuri canke iy’akazi, izo ntizishirwa mu gitigiri c’ama viza yaba “resident permanent”
Australian Citizens, Citizenship ceremony
Source: Wendell Teodoro/Getty Images
Gusaba ubwenegihugu

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bugira inama abantu yo gutanga ico gisabo babicishije ku buhinga ngurukanabumenyi, kubera yuko ibisabo biciye k’ubuhinga ngurukanabumenyi akenshi bwihuta kurusha.

Ubwo bushikiranganji buriko burakira ibisabo vy’abipfuza gusaba ubwenegihugu bwa Australia hamwe no kwiga ibindi bisabo vyose vyatanzwe imbere.

Ariko,kubera ikiza COVID-19, umwanya w’ibibazo vyakorwa mu ntumbero y’ico gisabo wabaye uhagaritswe ivy’agateganyo bakaba bazowusubizaho mu gihe kibereye.

Ikibazo c’ubwenegihugu

Abasavye bose bategerezwa gutsinda ico kibazo bityo bashobore kwerekana yuko batahura uburenganzira co kimwe n’umwitwarariko bafise ujanye n’ubwo bwene gihugu.

Ico kibazo kigizwe n’ibibazo 20 biba bifise inyinshu zitandukanye utegerezwa gutoramwo imwe gusa kandi cisunga agatabo usanga k’ubuhinga ngurukanabumenyi kitwa .

Damien Kilner asanzwe akora mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe na porogaramu y’ubwenegihugu yagize ati, ico kibazo kiroroshe kandi n’ibintu vyumvikana gose kandi gitwara iminota mirongo itatu gusa uriko uragikora.

Dusaba abantu yuko bakwiye kubanza gukora imyimenyerezo mu ntumbero yo kwitegurira ico kibazo gutyo bakacicarira ataco binona.

Kugira ngo ushobore gutsinda ico kibazo utegerezwa kuronka ibice 75 kw’ijana birenga.

Mu gihe uwugikoze ananiwe, arashobora gusaba gusubiramo uwo mwanya nyene canke agasaba irindi sango ryo kugikora. Nta bundi buryo uriha mu gihe wipfuza gukora ico kibazo ubugira kandi.
Australian Citizenship
Australian Citizenship Source: WILLIAM WEST/AFP via Getty Images
Ibirori vy’ugutanga ubwenegihugu. 

Mu gihe igisabo cabo cemewe, ubasavye ubwenegihugu bahamagiriwe kwitabira ibirori vyo gutanga ubwenegihugu hama kandi bakarahira. 

Birashobora gufata amezi atatu canke atandatu kugira ngo uronke ubutumire bu guhamagarira kwitabira ibirori vy’ugutanga ubwenegihugu, ikindi naco nuko abasavye ubwenegihugu baba bafise amezi 12 kugira ngo bitabire ivyo birori bongere barahire.

Mu mwanya ico kiringo kitubahirijwe, itangwa ry’ubwenegihugu ntirizoreka gushingwa mu ngiro bivanye na bino bihe vy’ikiza.

Mu bisanzwe ivyo birori bimara hagati y’umwanya w’isaha imwe n’amasaha abiri kandi bikaba bikorwa n’ama komine.

Muri kino gihe c’ikiza COVID-19, ivyo birori vy’ugutanga ubwenegihugu bibera ku buhinga ngurukanabumenyi hakoreshejwe ubuhinga bwo kubonana amaso mu yandi  (via video link), bityo bigaha uburenganzira abasavye ubwenegihugu kugira ngo babe abenegihugu ba Australia.

Ivyo birori bica k’ubuhingangurukanabumenyi akenshi bifata umwanya muto cane ariko hamwe nivyo ni ngombwa habeho isizumwa ry’umwirondoro wawe mu buryo bwemewe n’amategeko.

Kuva muri Ruheshi 2020, abantu bake bake basubiye kwemererwa gukoranira mur’ivyo birori vyo kurahirira ubwenegihugu mu bice bimwe bimwe vy’igihugu. Ivyo bikaba bitandukanye mu ntara n’ibisagara hisunzwe ivyangenderwako kuri COVIDSafe bitegerezwa gushigwa mu ngiro.
Australian passport, Australian citizen travellin
Source: Getty Images/PeopleImages
Kilner yavuze ati mu gihe c’ivyo birori vy’ugutanga ubwenegihugu, uwuserukira komine niwe ashikiriza ijambwo ry’intangamarara, nkuko bitegekanywa n’amasezerano agenga ubwenegihugu.

Mur’ivyo birori hategerezwa gutanguzwa “ijambo ryo guha ikaze mu gihugu” canke “Ijambo ryo gutanga ikaze mu gihugu”, hama hagaca hasomwa ijambo ry’umushikiranganji, rigakurikirwa n’indirimbo ihayagiza igihugu hama mu nyuma hagakurikira indahiro y’abaronswa ubwenegihugu baba baje mur’ivyo birori.

Mu gihe baba bariko bararahirira ubwo bweneguhugu, abo baba biteguye kuba abenegihugu, baba bemeye inshingano hamwe n’ubuntu bagiriwe bwo kuronka ubwo bwenegihugu bwa Australia.

Kurahiria ubwo bwenegihugu n’ikimenyetso cerekana ubwitange bw’umuntu aba yemeye kuzogira icamariye sosiyete asanzwe abamo.

Inyuma y’ivyo birori vyo kurahira, abaronkejwe ubwo bwenegihugu barashobora gutangura kuronka uburenganzira no kurangura ibikorwa nk’uwundi wese yavukiye muri Australia

Aho hakaba harimo uburenganzira bwo gutora canke kurera umwana w’imfumvyi, uburenganzira bwo kuronka igitabo c’inzira ca Australia “passe port”, uburenganzira bwo guhindura canke kwunguruza ivyigwa vya kaminuza ukabishira musi y’umunyeshure w’umwenegihugu hamwe no kwitoza mu mabanga y’uburongonzi bw’igihugu co kimwe n’ibindi.

Ibikorwa co kimwe n’ivyo utegerezwa gukora nk’umwenegihugu wa Australia, haba harimwo no kwitabira kuba mu bantu bumviriza imanza rimwe rimwe mu gihe ubiraritswemo n’ubutungane, kwitangira igihugu mu gihe cose bikenewe canke bibaye ngombwa, co kimwe no gutora bikorwa mu matora yose atunganijwe ku rwego rw’igihugu.


Share
Published 26 July 2020 3:36pm
Updated 26 July 2020 3:40pm
By Josipa Kosanovic
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama


Share this with family and friends