Ibigezweho kuri COVID-19: Guma mu rugo muri Melbourne yongerejwe iyindi ndwi

Aha uhamenyera ibigezweho kuri coronavirus muri Australia kw'itariki 11 Myandagaro 2021.

Health staff monitor people after receiving a COVID-19 vaccination at the Royal Exhibition Building in Melbourne,

Health staff monitor people after receiving a COVID-19 vaccination at the Royal Exhibition Building in Melbourne, Tuesday, August 10, 2021. Source: AAP Image/Daniel Pockett

  • Dubbo iri hagati mu ntara ya NSW nayo yagiye muri guma mu rego
  • Muri Victoria abashika batanu banduye bari mu matohoza.
  • Cairns yavuye muri guma mu rugo nkuko yari yabitegekanije


Victoria

Intara ya Victoria yagize abandi bantu 20 banduye, aho batanu muribo bitaramenyekana aho banduriye kuko bitaboneka ko banduye biturutse ku banduye. Abandi batandatu muribo baracindegemvya mu kibano kandi banduye.

Uwuserukira iyo ntara Daniel Andrews akaba yamenyesheje yuko tegeko rya guma mu rugo rizokwongerezwa ikiringo gushika kuwa Kane 19 Myandagaro

Ronderera ngaha ahatandukanye aho wokwicandagisha .

New South Wales 

Abashika 344 nibo banduye mu ntara ya NSW mur’abo 65 bakaba bari mu kibano bidegemvya kandi banduye. Abantu babiri batari bwicandagishe nibo bitavye Imana bahitanywe na COVID-19, umwe muribo yar’umushingantahe ari muri za 90 mu gihe uwundi nawe yari muri myaka 30 ariko kandi akaba yarafise uburwayi agendana.

Akarere k’uburongozi bwa Dubbo kari mu ntara hagati ya NSW kazoja muri guma mu rugo uhereye sa saba (1pm) uno musi inyuma yaho hibonekeje abantu ba biri banduye murako karere.

Uwujejwe amagara y’abantu mu ntara ya NSW Dr Kerry Chant yamenyesheje yuko abagera kuri 62 bari mu vyumba vy’indembe, 57 bakaba batararonka urucanco, mu gihe batanu bamaze kuronka urucanco rwabo rwa mbere.

Ronderera ngaha ahatandukanye aho wokwicandagisha .

Queensland 

Iyo ntara yaronse abashika bane banduye biturutse ku kiza ca coronavirus muriyo ntara mu gihe abandi bari mu kato ariko banduye uyo mugera.

Guma mu rugo y’imisi itatu muri Cairns hamwe na Yarrabah irangira uno musi sa kumi (4pm) ariko hamwe n’ivyo ingingo ziguma uko zari .

Dr Jeannette Young akaba ari muganga mukuru muriyo ntara arasaba abana bari hagati y’imyaka 12-15 basanzwe bafise canke bagendana indwara ngo n’abo bakwiye kwiyandikisha ngo baronke urucanco.

Ronderera ngaha ingene wosaba isango ryo gucandarwa .
Kuja mu kato, ingendo, ibibanza vyo gusuzumiramo hamwe n’agahembo ku basinzikajwe n’ikiza

Kwishira mu kato hamwe n’ibisabwa mu kwisuzumisha bikorwa mbere bigashimangirwa na reta z’intara hamwe n’ibisagara:

Mu gihe wipfuza gufata ingendo zo hakurya y’amazi, urashobora kubisaba uciye k’ubuhinga ngurukana bumenyi mu gihe wipfuza uburenganzira bwihariye. Fyonda ngaha.  ukaba wipfuza kuva muri Australia, hariho amakuru menshi ushobora kurondera. Hariho ingingo z’agateganyo zerekeye indege zija hakurya y’amazi zama zasubiwemo na reta mbere zigashirwa ku gihe ngaha kurubuga ngurukanabumenyi .





Genderera NSW Multicultural Health Commnucation ifise serivisi isigura:



Ibibanza vyo gusuzuma mu ntara n’ibisagara:

 
 


Amakuru ajanye n’agahembo ku basinzikanjwe n’ikiza mu ntara n’igisagara ubamo:

 
 

Share
Published 11 August 2021 3:26pm
By SBS/ALC Content
Presented by Jean-Paul Amedee Nizigama
Source: SBS


Share this with family and friends